Kur’uyu wa gatatu mu kiyago bitiriye JamaisSansLesMedias, umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, ariko aragirana n’abajejwe ibimenyeshamakuru, aremeza ko ata ndongozi ishobora gukora itazi ukuntu igihugu cifashe. Nico gituma umukuru w’igihugu abonako umwuga wo kumenyesha amakuru ari umwuga ukomeye cane.

Yagize ati : ‘’ Mu bihe vy’amatati, ni mwebwe mubwirizwa kwinengesera kurusha abandi,
Ubu muriko muvuga indongozi ikora nabi ntituzobirukako. None ico twahora dupfa nticari ico ?’’
Muri Reta, turafise umutima wo guhindura ibintu. Ariko turi abantu. Kugira uwo mutima tuwutsimbataze, mukwiye kuza muratubwira muti : « Aha ntidutunganiwe ».
Prezida Ndayishimiye, ashimikiye ku mategeko mpuzamakungu amwe amwe, yagarutse cane ku majambo « ibinyamakuru bibiba urwanko » hamwe n’« ubwigenge bwo kumenyesha amakuru ».
Mweho mutahura kugeza he uruhara rw’ibimenyeshamakuru mw’iterambere ry’igihugu ?
Amasanamu : Ntare Rushatsi House





Recent Comments