Mu mubonano umukuru w’igihugu yakoranye n’abarongoye ibinyamakuru, umukuru w’igihugu c’Uburundi, Ndayishimiye Evariste, yaseruye iciyumviro co kwugurura ibinyamakuru vyugawe.
Willy Nyamitwe yanditse ku rubuga rwiwe rwa Twitter ko umukuru w’igihugu yasavye urwego rujejwe kugenzura ibinyamakuru mu Burundi, CNC, rwogira ibiganiro vihuse maze rukicara n’abafise ibinyamakuru vyugawe hamwe n’amaradio yugawe kugira bikore.
Le Président Evariste #Ndayishimiye demande au Conseil National de la Communication de s’asseoir d’urgence avec les responsables des médias suspendus ou en situation de sanctions pour trouver des solutions pour le bien du #Burundi. #JamaisSansLesMedias #NeverWithoutMedias pic.twitter.com/ZN3bie6eHg
— Amb. Willy Nyamitwe (@willynyamitwe) January 28, 2021
Ivyo navyo bikaba ari ku neza y’Uburundi nk’uko uwo mubonano hagati ya Ndayishimiye n’abaserukira ibinyamkuru mu civugo ngo “ata binyamakuru nta terambere”.
Abatari bake bakaba babona ko ari intambwe nziza ku maradio yugawe mu mwaka wa 2015 nka za Radio Bonesha FM, Radio Publique Africaine n’izindi.






Recent Comments