UBM News ads

Amategeko mashasha y’abapoilissimes

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ubuserukizi bukuru bw’abanyeshuri ba Kaminuza y’Uburundi mu gisata cabwo c’imibano cashize ahabona amategeko mashasha yo gukomeza agateka k’aba poilissimmes muri kaminuza y’Uburundi. Ako kakaba akazina k’ubuhizi biyise.

Aho ni mugihe mu myaka iheze umunyeshure yinjiye mu mwaka wambere wa kaminuza bita ‘’puant’’ yanyuzurwa bikomeye ico bita socialisation munyuma nawe akazonyuzura abandi.

 

Ariko abarongoye kaminuza bakaba barakuye uyo mugirwa kuko basanze hari abanyeshure bahohoterwa bagakomereka kugasakanwa abakobwa bagahakwa gufatwa ku nguvu, ubu naho hakaba harateye ikiza covid-19.

 

Bati kirazira kwambara ikabutura, utu mini, ama singlets, za mkondo-out, i nkofero, foulards, igitenge, yama déchiré, ama gilets y’amashirahamwe Lumitel Burundi

canke Econet Leo, canke impuzu iyariyo yose itabereye mu nyubakwa zo kwigiramwo (auditoires), gusomeramwo (bibliothèques) hamwe n’ahandi.

 

Ngendanwa ntizirekuriwe kuvuza urwamo (sonnerie), no kuzitaba birabujijwe navyo nyene mu bibanza vyo kwigiramwo.

Yama ligala hagati y’abahungu n’abakobwa kuva isaha zitatu z’ijoro akunda kwibonekeza nko ku bibuga vya basketball na volleyball, ngo bihagarare!

Nta kurenza isaha zine z’ijoro uri umuhungu canke umukobwa ukiri gutembera muri home utararamwo.

Mu guhasha uwuzobirengako, azohamagarwa, hanyuma ahanurwe bikomeye cane.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments