UBM News ads

Umuji wa Kigali imirimo yasubiye guhagarara, urucanco ruzoshika kur’uyu wa gatatu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyi bikaba vyamenyeshejwe n’umushikiranganji wa mbere wico gihugu kibanyi c’Uburundi. Ivyo bibaye mu gihe ikiza ca coronavirus gisubiye kugwirirana murico gisagara. Amashure, amasengero, ububare vyose vyugawe kiretse abarimyi n’aborozi bazoguma bakora. Umukwabu w’igipolisi n’igisirikare kigatangura gukizura isaha 12 zo kumugoroba kugira ingingo yo kuguma m’urugo igume yubahirizwa.

Abarongoye ico gihugu c’Urwanda bakamenyesha ko urucanco ruzoshika mububiko mu Rwanda kur’uyu wa gatatu itariki 20 nzero 2021.

Uburundi bukaba bwarugaye imbibe nabwo muriyi misi, amakamions apakiye ibidandazwa akaba ariyo arengena gusa. Ico kiza ca coronavirus kikaba kivugwa hirya no hino m’Uburundi ariko Let aya Gitega ikaba itinya cane kugumiza abarundi mu ngo zabo kuko inzara yokwica abantu uravye ingene abarundi babayeho bamwe ku musi ku musi bagiye kurondera icorirenza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments