Uwahoze arongoye igihugu c’Uburundi ariwe Petero Buyoya aheruka gushengera agiye kuzoshingurwa mu gihugu ca Mali aho guhambwa mu gihugu c’amavukiro c’Uburundi.
Mu majwi yashikiriye iradiyo ijwi rya Amerika, aravuga ko ugushingura uwo muhisi bitakibereey mu Burundi nk’uko bamwe bavyibaza ariko ko bizobera muri Mali aho yahora aba akongera agakorera akazi kiwe.
Imiryango n’abagenzi b’umuryango wa Buyoya bakaba batumirirwa kuzokwitaba izo manza n’ibihe bigoye bagiye kwinjiramwo.
Aba n’abandi barabona ko kubera Buyoya Pierre yari yamaze gusaba ubuhungiro igihugu ca Mali atari akirabwa na reta ya Ndayishimiye.

Abandi bakabona ko kubera yari yamaze kwishira mu maboko ya HCR iraba ibijanye n’impunzimu gusaba ubuhungiro mu gihugu ca Mali, kumbure kikaba arico gituma reta y’i Gitega ata na kimwe yari bwavuge ku bijanye n’ifubwa rya Buyoya Pierre.
Umviriza hano itangazo ry’amaziko rya Pierre Buyoya ryagiye habona:





Recent Comments