UBM News ads

Abarundi bashika kuri 121 bahungutse n’indege bava mu Buganda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abarundi bashika kuri 121 bahungutse n’indege bava mu gihugu c’Ubuganda bakaba bakiriwe ejo ku musi wa mbere ku kibuga c’indege ca Bujumbura.

Nk’uko amakuru ashirwa ahabona avyerekana, abo barundi bakaba bari basavye ko bohunguka umukuru w’igihugu c’Uburundi, Evariste ndayishimiye.

Mu nyandiko zakwiragiye hakabonake ko habaye uguterana amajamabo hagati y’abavugira ubutegetsi bwa CNDD-FDD hamwe n’abatavuga rumwe na reta kuri ico kibazo co guhunguka kw’impunzi z’Abarundi.

Reta ya CNDD-FDD yagiriza abo batavuga rumwe na reta  na cane cane abari hanze y’igihugu ko babuza Abarundi bari hanze y’igihugu guhunguka.

Ariko rero abatavuga rumwe na reta bobo barahakana ivvyo bagirizwa na reta ya CNDD-FDD.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments