Kw’ifoto iriko irwakwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi nka Twitter, haravugwa inkuru y’Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwagiye mu vyo gukorera urudandazwa ishirahwme ry’amatelevisio StarTimes.
Muri urwo rwandiko, ubwo bushikiranganji burongowe na Geravis Ndirakobuca atazirwa Ndakugarika butegeka abarongoye intara zose hamwe n’uwurongoye mairie ya Bujumbura kugura ama televizio ecrans plats zigurishwa na StarTimes.
Muri urwo rwandiko rwatewe ivyatsi na benshi, izo televisio zigurishwa na StarTimes ziracishwa kandi mu matangazo ya StarTimes maze izo televisio zikaba ari 32 pouces na 43 pouces mu bunini bwazo.
Ubushikiranganji bukabaonwa, nk’uko bamwe babivuga ko bwoba bwakoze ico bita ‘ubukomisiyoneri’ bukorerwa ishirahamwe StarTimes.
Abatari bake ntibashima uko kuntu ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwisuka mu bijanye no gukorera marketing ishirahmawe kandi ritari n’irya reta ariryo StarTimes.

#Burundi
Quand le Ministre de l'intérieur s'annonce pour être commissionnaire .@startimes
Tres interessant pour etre une honte au nom de la République
.@SOSMediasBDI .@SOSMediasBDI @iwacuinfo.@RadioInzamba pic.twitter.com/7n65Wxrrvc— Eddy-CL NININAHAZWE, LLB&MA (@eddyniniclaude) December 10, 2020





Recent Comments