UBM News ads

Ubumwe bwa Buraya bwoba bugiye gusubira guterera reta y’Uburundi?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu mubonano wabaye hagati y’umukuru w’igihugu hamwe n’abaserukra ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, hashitsweko ko hagiye kubaho ibiganiro vy’uko hoba ibiganiro vy’ugufashanya nk’uko vyahora.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikaba ryahagaritse ugufasha igihugu c’Uburundi kuva mu mwaka wa 2015 aho habaye imyiyerekano yabayemwo abahunze hamwe n’abishwe .

Impande zose uko ari zibiri zikaba zumvikanye kuvananura na kahise maze hasubire kuba ugukorana neza.

Igihugu c’Uburundi kikaba cari cagirije Ubumwe bwa Buraya gufasha abashaka guhungabanya inzego z’Uburundi.

Mwomenya ko Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya ryafasha ikigega ca reta amafaranga ashika ku bice 51% kuri budget ya reta yose ku mwaka.

Bamwe bamwe bariteze ko n’imiburiburi ko ikigega ca reta kigiye kubomboka na rirya ubu reta y’Uburundi yari isigaye yitangira hafi ibice 90% ku mafaranga ikoresha ku mwaka.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments