UBM News ads

Ibomborabombora muri FNL ya Jacques Bigirimana ryatumye bamwe mu ndongozi birukanwa

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibomborabombora muri FNL ya Jacques Bigirimana ryatume bamwe mu ndongozi birukanwa na cane cane abagize komite itwara uwo mugambwe.

Mu nama yakozwe na Jacques Bigirimana kuri uyu wa kabiri itariiki 27 Gitugutu 2020 vyashizwe ahabona ko abanditse ikete ryo kwiyamiriza uko Yakobo Bigirimaana atwara umugambwe birukanwe muri uwo mugambwe.

Muri 12 basinye ku rwandiko rwashizwe ahabona n’indongozi za FNL iri mu kwaha kwa CNDD-FDD, abashika kuri indwi barirukanwe muri uwo mugambwe na Komite itwara uwo mugambwe.

Yakobo Bigirimana akaba ariko avuga ko abo birukanwe bashobora gusaba ikigongwe hama bakagarukanwa muri uwo mugambwe kandi.

Abandikiye Yakobo Bigirimana bakaba bavuze ko uwo mugabo yigungirako umugambwe yiyeguriye abifashijejwemwo na reta ya CNDD-FDD, gutyo bikagarara ko ata mukeba yipfuza kandi ashakaafise.

Abandi baribaza ko Yakobo Bigirimama adashaka gutakaza igiti afise muri reta canke kuba ari ukuba ari umukuru w’ishirahamwe rihingura icayi, OTB Burundi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments