Ku makuru ashikira ikinyamakuru canyu avuga ko Igisirikare ca Kongo kivuga ko casambuyeikibanza umuhari FNL wa Aloys Nzabampema wacumbikamwo muri Kongo.
Ejo ku musi wa mbere niho igisirikare ca Kongo camenyesha ko casambuye ikibanza abarwanyi bavuga ko barwanya leta y Uburundi barwaniramwo bari muri Sud Kivu.

Aloys Nzabampema akaba avuga ko arongoye umuhari FNL ushaka guhindura ubutetegetsi bwa CNDD-FDD.
Aloys Nzabampema akaba yirukanwe mu gace yari acumbitsemwo kandi akaba igisirikare ciwe cabuze abasirikare batatu nk uko ikinyamakuru kimwe kibivuga.
Ivyo bikaba bishitse inyuma yaho reta y Uburundi na Kongo zifatiye ingingo yo kurwaniriza umwansi hamwe na cane cane gutuza imirwi irwana mu buserukp bwa Kongo.
Igisirikare ca Kongo kandi kikavuga ko cirukanye n inyeshamba zimwe zimwe zo ku Rwanda zirwanira ku butaka bwa Kongo.





Recent Comments