Impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzania zirafise ubwoba ko zishobora guhungurwa ku nguvu kuri iyi ntwaro ya Varisito Ndayishimiye.
Abarundi bayaze na Associated Press(AP) bavuga ko bihweje imvugo ya Ndayishimiye yuko ‘abarundi botahuka kwubaka igihugu cabo’ ibatera ubwoba ko bazohungurwa ku nguvu.
Inyuma y’aho Ndaysihimiye ahamagariye abarundi gutahuka, uumutegetsi yaserukiye Tanzania yaragize urugendo ku mpunzi z’Abarundi zirenga 200 000 mu burengero bwa Tanzania azosaba gutahuka.
Uwo mutegesti yazibwiye ko mu ‘Burundi ubu hatekanye ko babwirizwa gutahuka.

“Ico twahunze ntikirahava, abo bantu bari ku butegsi baradutoteje ,baratwanganza n’ibindi…”, niko impunzi imwe yabwiye Associated Press.
Igihugu ca Tanzania cari cafashe ingingo mu misi yahera yo guhimiriza harimwo no kwirukana impunzi z’Abarundi ku nguvu, ariko mu nyuma gisa n’icisubiyeko maze kirahakana ko kitari gifise umugambwi wo kwirukana impunzi z’Abarundi.
Umukuru w’igihugu ca Tanzania, John Pombe Magufuli, akaba yavuze ko naho impunzi zokwigumira ku butaka bwiwe ata kibazo ahubwo bituma ‘ubutunzi bw’igihugu bwiyongera’.





Recent Comments