UBM News ads

Isekeza ryo gupima Covid-19: Abantu 28 basanze baranduye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’isekeza ryo gupima abantu baba mugisagara ca Bujumbura umugera wa Coronavirus, ejo gusa ku musi wa mbere hatowe abantu bashika ku 28 basanze baranduye uwo mugera.

Nk’uko ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA bubishira ahabona, ejo ku musi wa mbere hari hapimwe abantu bashika ku 670 harimwo 640 bo mu gisagara ca Buujumbura.

Inyuma yo gupima abo 670 bagiye babishatse basanze hatowe umugera wa COvid-19 abashika ku 28.

Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji akaba ariwe yashize ahabona ivyo bitigiri.

Abihweza ibintu n’ibindi barabona ko intwaro ya Varisito Ndayishimiye igiye guhagurukira ikiza ca Covid-19 naho ‘Sogokuru wiwe’ yari yahakanye ko ico kiza ataco cogize Uburundi n’Abarundi.

Mw’ijambo Evariste Ndaysihimiye yashize ahabona yavuze ko ikiza ca Coronavirus ari ‘umwansi akomeye’ ku gihugu c’Uburundi, bitandukanye n’uko nawe yahora avuga ko ‘Imana ikingiye Uburundi ico kiza’.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments