Mw’itangazo ibiro vy’umunyamabanga w’umuryango w’ibihugu vy’ubuseruko bwa Afrika vyasohoye kur’uyu wa kabiri, ivyo biro vyamenyesheje ko vyiyamirije amakuru yacishijwe mu kinyamakuru The The EastAfrican aho kivuga ko ibihugu Uburundi na Soudan du Sud bigiye gukurwa mur’uyo muryango ngo kuko bitariha intererano isabwa.
Ubunyamabanga bwa EAC buvuga ko ibihugu vyose bigize uwo muryango biheranye ko batumva igituma ico kinyamakuru cavuze Uburundi na Soudan du Sud gusa. Iryo tangazo rikavuga ko hariho ibihano bifatirwa abatarishe intererano ariko ivyo bikaba vyigwa mu nama nshikiranganji y’uwo muryango nayo ikaba itaraba.
Iryo Tangazo rikabandanya ryiyamiriza kandi ihagarikwa ry’imishahara kubakozi hamwe n’amasezerano y’akazi kubakozi barangije ibiringo vyabo. Iryo tangazo rikavuga ko abo bakozi babandanya bakora bamwe bakorera muhira kubera ca kiza coronavirus. Inama nshikiranganji yimirije ikaba ariyo izodadanura ico kibazo cokimwe no kwiga amahera azokoreshwa mu mwaka wa 2020/2021 mur’uyo muryango wa EAC. Mwomenya ko umunyamabanga w’uyo muryango wa EAC ari umurundi yitwa Liberat Mpfumukeko.





Recent Comments