UBM News ads

Isekeza ryo gupima coronavirus kubuntu ryatanguye mur mairie ya Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ibibanza bitatu nivyo vyatowe kugira abumva bafise ibimenyesto vy’ingwara ya coronavirus muri mairie ya Bujumbura. Ivyo navyo akaba ari ikibuga ca ETS Kamenge kubaba muri komine Ntahangwa, ihoteli Source du Nil kubaba muri komine Mukaza hamwe na Paroise Kanyosha kubaba muri komine Muha.

Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya Sida, Muganga Thaddée Ndikumana, akaba yagendeye ivyo bibanza arikumwe n’abamenyeshamakuru. Yamenyesheje ko ico gikorwa kizomara amazi atatu kandi citiriwe ‘’ Ndakira, sinandura kandi sinandukiza covid-19’’ nkuko Umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, yabivuze. Uwo nawe akaba atandukanye n’umukuru w’igihugu yahahora, Petero Nkurunziza wewe yafata minenerwe ico kiza.

Kukibazo c’igituma iryo sekeza ritatanguriye no mu gihugu hagati, Muganga Thaddée Ndikuma, yavuze ko mu misi iza nko kuwagatanu bazopima abaruguru bashika 32 kumusi ku ntara imwe imwe. Abantu barenga 429 bari bamaze gupimwa kur’uyu wambere bakazoronka inyushu kumusi wa kabiri aho bukera. Bakazoca baronswa imiti kubuntu nkuko umushikiranganji w’amagara y’abantu yabimenyesheje kubo bazosanga bagwaye iyo ngwara ya coronavirus.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments