Mur’abo banyeshure harimwo abashika 20 bagendana ubumuga, abigisha bashika 320 bakaba bariko baracungera ico kibazo mu bibanza bishika 949 m’Uburundi bwose mu kiringo c’imisi itatu. Umushikiranganji w’indero, Janviere Ndirahisha, akaba yagiye muri komine Bukeye kuraba ingene ico kibazo kiriko kiratangwa akaba yashimye kw’abanyeshure baje kw’isaha yo gukorerako ico kibazo.

Janviere Ndirahisha yasavye abacungera ico kibazo ko bokora neza akazi kabo ngo kuko hari abigisha bareka abanyeshure bakarabanirako mbere bagakoranira ibibazo. Yasavye kandi ko abanyeshure bitaboneka aho amanota yabo yo mwishure ari ko batemerewe gukora ico kibazo concours cokimwe nabadakurikiza amategeko y’ishure.
Mwomenya ko hose mu bibanza biriko birakorerwamwo ico kibazo concours hari hategekanijwe amazi n’isabuni vyo gukaraba, abana nabo bakaba bakora ikibazo batandukanye imetero imwe imwe. Ariko gukaraba vyibonekeje ko abana bagundana ivyo navyo bigashobora kubatera ingwara yateye isi yose bita coronavirus.





Recent Comments