UBM News ads

‘Hama hariho intabarirwa mu muryango’, niko ‘Samuragwa’ yishuye Rwasa Agathon

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe hari umugambwe wanse ivyavuye mu matora mu Burundi, umukandida avugwa ko yatsinze amatora Evaritse Ndayishimiye yaravuze aho ahagaze.

Mu gusozera amasengesho yatunganijwe na CNDD-FDD mu ntara ya Gitega, Evariste Ndayishimiye atazirwa ‘Samuragwa’ asa nuwifatiye mu gahanga Agathon Rwasa ku ngingo yafashe yo kwanka ivyavuye mu matora.

Raba hano ivyo Evariste Ndayishimiye yavuze kuri Rwasa Agathon hamwe n’umugambwe wiwe CNL:

“Nibaza ko hageze uyu musi aho atari ukuvuga gusa abanywanyi ba CNDD-FDD ariko bagatahura ko ari Abarundi bose bari hamwe, tugize igihugu kimwe. Hama tugize umugwi umwe, turabandanya imbere. Hama reka ndababwire: Ivyo vyarabaye kandi biramaze kuba. Raba nk’akarorero: Umugambwe umwe niwo wanka ivyavuye mu matora? Niwo wonyene widoga! Hari uwundi mugambwe mwabonye widoga? Imana yaramaze kudufatanya mu bumwe. Muzoraba ko ata murundi numwe azobirwanya.”

“Twaravivze kuva kera, hama hariho ikijuju(Idiot) mu muryango wose.Hama hariho umugwi ushaka kuturwanya. Umurwi nkuyo wama utegerzwa kubaho, ninavyo nkunda nk’uko Sogokuru[Nkurunziza] yambwiye: Barakenewe kuko nibo badufasha kuba abanyabwenge”, niko Ndayishimiye Evariste yavugiye i Gitega.

Agathon Rwasa akaba azotegerezwa kwishura kuri aya majambo yavuzweko na Evaritse Ndayishimiye vuba.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments