Umviriza igituma yahisemwo gushigikira umushingamateka Agathon Rwasa :

Ndongozi z Umugambwe w Abadasigana UPRONA. Badasigana mwes, Tugire amahoro(3), Ubumwe n Umugambwe w Abadasigana UPRONA. Kuri uyu usi hatangura icese imyiyamamazo yo kwitegurira amatora ategekanijwe igenekerezo rya 20 RUSAMA 2020, nagira ndabashikirize ibi bikwirikira:.
1. Nkuko twabiciye hirya no hino mu manama twama tugirana n abarongoye abandi, twariyemeje ki dutegerezwa gukora ibishoboka vyose ngo habe ihinduka ry ingene igihugu gitwawe mu Burundi( changement). 2. Iryo hangiro canke intumbero twihaye vyari kuba vyiza tuyishitseko dufise abazoba batowe ngo baduserukire mu nzego zose mugabo murabizi ntivyakunze kubera akarwi ka Gaston-Gashatsi bafashijwe n ubutegetsi bwa CNDD-FDD. Nico gituma rero dutegerezwa gutora ihinduka ry ibintu kugira iyo mirwi uko ari ibiri tuyisubirize mu ndumane. 3. Gutora ihinduka (changement) rero, si ugta ijwi ahadashika, si ugutora umu candidat atamajwi yoronka yotuma iryo hinduka ryoshoboka. Ni ugutora neza(vote utile), ugashira ijwi aho rizogira ico rifashije. Aho naho twasanze ari muri CNL. Muzotore rero muri CNL kuva mu matora y abajenama ba Komine, ay Abashingamateka hanyuma muhunde n amajwi umu candidat wayo mu matora u abahiganirwa ikibanza c Umukuru w Igihugu. 4. Mumenyeshe abanywanyi bacu n abakunzi bose ko Uprona itavuga rumwe n ubutegetsi itari mu runani Kira- Burundi ko rero atawojuragirika canke ngo ahendwa n abohava nabivuga uko bitari. 5. Muvunire akagohe abacijijanya imitima ko bohava batora turya tudumbidumbi twa ba Gaston- Gashatsi, Mbayahaga- Giteruzi n abandi mubereke neza ko aritwo ubutegetsi bwa CNDD-FDD bucako mu gusenya burundu umugambwe twrazwe n Umuganwa atari umugani Louis RWAGASORE. Ko reri bobava inyuma tukabahana bakuhanagura. 6. Murarikire Abadasigana bose kwitaba imyiyamamazo ya CNL nkuko abaduserukira mu Ntara no mu ma Komine muriko murabikorana n abarongoye CNL muri utwo turere muherereyemwo, ariko mwibuke kwubahiriza ibisabwa kugira twikingire ca kiza Corona virus. 7. Mubwire Abanywanyi bacu ko naho tuzotora CNL ntituri abanywanyi bayo. Arico gituma muri iyo myiyamamazo batokwambara ibimenyetso vy uwo migambwe eka mbere n ivy uwundi mugambwe uwariwo wose. 8. Dusavye mwebwe Ndongozi z Umugambwe ku nzego zitandukanye gushikana kure ibi tubashikirije. Natwe twiyemeje gukwirikiranira hafi ibi bikorwa vyo kwiyamamaza bitanguye, tukavugana kenshi n abarongoye CNL Ku rwego rw igihugu kugira tuze turabamenyesha bishasha vyose Ku mwanya Ku mwanya. 9. Duca turungikira intara yose programme y imyiyamamazo y aho muherereye kugira mwitegure neza. Imana ibahangaze.
Bigiriwe i Bujumbura Ku wa 27/4/2020. Kubw’inzego zirongoye umugambwe, Tatien SIBOMANA.





Recent Comments