UBM News ads

Abandi bagwayi batatu ba coronavirus batowe m’Uburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyamenyeshejwe mw’itangazo ryasohowe kur’uyu wa gatandatu n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA. Abo bagwayi batatu bakaba batowe mu bantu 54 bapimwe, abo nabo bakaba bamaranye umwanya munini n’umwe mu bagwayi baheruka gutorwako iyo ngwara.

Muri kino gihe rero abagwayi bakaba bashika 8 bari mu bitaro, bane bakaba barakize umwe nawe akaba yaritavye Imana. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu buramenyesha ko bubandanya bupima abantu bamaranye umwanya munini n’abo batatu batoweko ingwara ya coronavirus itaye ubwoba amakungu kuko yandukira iciye mumuyaga urimwo amate y’umugwayi. Ariko abo bagwayi bakaba batakivuga aha babatoye bamwe bakavuga bibujijwe n’amategeko y’ubuvuzi abandi nabo bakabona kwari ingingo za politike.

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busaba abarundi kuguma batekanye no gukwirikiza amabwirizwa y’isuku. Ubwo bushikiranganji kandi bukaba buheruka gutanga ibikoresho vyo kwikingira iyo ngwara kubanyepolitike bazotangura imyiyamamazo kur’uyu wambere ariko bisa nuko bidakwiye uravye abanyagihugu bazokwitaba iyo myiyamamazo. Mukamenya kandi abanyeshure baheruka gutangura igice cagatatu c’umwaka w’ishure 2019-2020, bikaboneka ko abo banyeshure badakingiwe bikwiye mu kwirinda iyo ngwara.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments