Mugihe igihugu ca Madascar kiri kumugabane wa Afrika kivuga ko catoye umuti uvura ingwara ya coronavirus, ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS ryoryo rivuga ko atavyemeza ko uwo muti bise covid-Organics uvura iyo ngwara imaze kwica abantu barenga 170 000 kw’isi mu mezi atatu gusa.

Umukuru w’igihugu ca Madagascar, Andry Rajoelina, wewe akaba yatunguje gutanga uwo muti kumugaragaro kur’uyu wambere itariki 20 ndamukiza, uwo mukuru w’igihugu akavuga ko uwo muti ukinga ukongera ukavura iyo ngwara y’akamangu coronavirus. Nawe nyene akaba yaranyoye kur’uyo muti ukozwe mugiterwa citwa Artemisia, akavuga kandi ugiye gutangwa kur’iryo zinga ryose rya Madagascar.
Ariko abashakashatsi bo muri Madagascar bahuriye muco bise ANAMEN ntibahuza n’ikigo cakoze uwo muti arico IMRA kuko ngo uwo muti ushobora kugira ingaruka mbi kubantu bazowihereza kuko ngo nturerekana neza ko ukiza ico kiza coronavirus. Uwo muti rero ukaba uriko uratangwa ku bantu bantahonikora bashobora kwandura iyo ngwara. Abandi nabo bakazowuronga kugiciro gitoyi, amahera avuyemwo akazojanwa mu kigo catoye uwo muti IMRA kugira kibandanye ubushakashatsi.
Mwomenya ko no m’Uburundi igiterwa Artemisia kiriko kirakwiragizwa mu ntara zo m’Uburundi n’umupfasoni Ginette Karirekinyana yemeza nawe ko ico giterwa kinyobwa nk’icayi gikinga ingwara ya malaria.





Recent Comments