UBM News ads

Ibitaro Kira Hospital birabeshuza kwatamugwayi wa Coronavirus yahashikiye

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Izo nkuru zatanguye kuvugwa kur’uyu wa kane aho ku mbuga ngurukana bumenyi hatembera inkuru zivugwa ko hoba hari umugwayi w’umwirabure ava mu bihugu vy’uburengero bwa Afrika yaje mu Burundi aciye mu ndege akaba yaravuye mu bihugu vya Buraya. Uwo mugwayi ngo akaba yarameze nabi afise ubushuhe bwinshi nibindi bimenyesto bisa nivy’abagwayi ba corona virus.

Aho kumujana mw’ihoteli Source du Nil yagenewe abavuye mu bihugu vya Buraya kugira babapima ico kiza yajanwe mu bitaro Kira Hospital. Ivyo bikaba vyarateye uruhagarara kurivyo bitaro Kira Hospital niho abaganga bo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu baciye bahashika baca bamujana mw’ihoteli Source du Nil hari abaganga bajejwe gupima iyo ngwara nkuko izo nkuru zibivuga.

Muganga atwara ibitaro Kira Hospital, Dr Christophe Sahabo, akaba yabeshuje ko uwo mugwayi atangwara corona virus yarafise kuko bamugiriye ibipimo vyose. Umushikiranganji w’amagara y’abantu, Dr Thaddée Ndikumana, akaba yaciye asohora itangazo ko uwuvuye i Burayi wese abanza gucanwa mw’Ihoteli Source du Nil ko kandi iyo hoteli imaze kwakira abantu bashika 34 bariko barasuzumwa ikiringo c’imisi 14 bivanye naho umwe umwe yashikiye. Ico kiza candukira mu mpwemu kimeze nka grippe kikaba kimaze guhitana abantu 5000 kwisi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments