UBM News ads

Inyuma ya Kongo, ikiza ca Coronavirus cashitse muri Kenya!

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’aho ikiza c’umugera wa Coronavirus kibonekeye mu gihugu kibanyi n’Uburundi ca Kongo mu gisagara ca Kinshasa, ubu naho uwo mugera wa Coronavirus wamaze gushika mu gihugu ca Kenya.

Ico kiza muri Kenya catangajwe uyu musi n’ikinyamakuru caho muri Kenya Daily Nation aho kivuga umurwayi yerekanye ibimenyetso vya Coronavirus.

Daily Nation ivuga ko uwo murwayi muri Kenya yafashwe avuye mu gihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika maze aca mu gihugu c’Ubwongereza mu gisagara ca Londres hama aza muri Kenya.

Uwo murwayi akaba yaciye ashirwa ukwa weneyene kugira ntiyanduzae abandi ba nya Kenya bagenziwe.

Abategesi ba kenya bakaba basaba ko abanyagihugu botekana maze birinde kwandura ico kiza, hakaba hasohotse amategeko amwe amwe yo kwirinda ico kiza ku banya Kenya bose.

Abafatanye urugendo n’uwo murwayi wa Coronavirus muro Kenya bakaba nabo nyene bamaze kumenyekana maze barashirwa ukwabo, nk’uko Daily Nation ibivuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments