UBM News ads

ONU ibona ko amatora ashobora ‘kugenda nabi’ mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abakora amatohoza ku Burundi bari mw’ishirahamwe Mpuzamakumgu ONU baragabisha ko amatora mu Burundi hashobora kubaho amatora ‘adashemeye’ nk’uko bamwe bavyibaza.

Uwo mugwi ukora amatohoza ku Burundi ukaba umenyesha ko mu Burundi hakiriho agahohotero hamwe no guhahaza abatavuga rumwe na leta ya Petero Nkurunziza.

Uwo mugwi wasavye ko amakungu yohaguruka agahata leta y’i Gitega gukora amatora ahurikiyemwo bose kandi mu mahoro maze habe ituze mu Barundi.

Abo bakora amatohoza ku Burundi bakabona ko nyabuna amatora mu Burundi agomba kuba mu gihe mu Burundi ibintu uko vyifashe bidashemeye nk’ukudahanwa ku bakoze amabi mu Burundi.

Uwo mugwi ukavuga abashize amakuru(temoins) ahabona abavuga ko bahohotewe bishemeye n’umugwi w’urwaruka rw’imbonerakure zo muri CNDD-FDD.

Mukamenya ko leta y’Uburundi itigera yemera canke mbere ngo yerekwe ivyo uwo mugwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi wama washize ahabona, mu kuvuga ko ari ‘ibinyoma gusa bishaka gucafuza inzego za leta y’Uburundi’.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments