UBM News ads

Umukuru w’igisagara ca Bujumura yatanze uruhusha rwo gukesha

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ivyo vyumvikanye mw’itangazo ryagumye ryumvikana ku mbuga ngurukana bumenyi, aho umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa, avuga ko arekuriye abafise ibiteramo kur’uyu musi wakabiri uheza umwaka wa 2019. Aha akaba yavuze abafise ibiteramo vyo gusenga bakesha n’abafise ibiteramo vyo gutamba no kuvyina.

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura arashiramwo n’abafise ububare busanzwe ko nabo bashobora kwidagadura ku munsi w’ubunane. Freddy Mbonimpa avuga ko umutekano ari wose mu gisagara ca Bujumbura. Mwomenya ko hari haheze amezi arenga abiri abanyagisagara ca Bujumbura basabwa kugara ububare isaha zitatu benshi bikaba bitaborohera mugihe ariho baba bagishika mu kabare.

Benshi bakaba baragize amakenga ko ivyo atarivyo ari umuntu yashatse kumwigana ariko vyahavuye bimenyekana ko ari umukuru w’igisagara ca Bujumbura yashikirije iryo jambo mbere n’urwandiko rukaba rwahavuye rusohoka kur’uyu wakabiri mugitondo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments