Mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro rishira uwa munugu ku wa 21 ushira uwa 22 Kigarama 2019, haraguye imvura nyishi mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura hamwe no mu gisagara ca Bujumbura nyene.
Iyo mvura yatumye isegenya yuzura umwonga uca muri kartye Uwinterekwa mu buraruruko bw’igisagara ca Bujumbura maze iyo segenya ihitana ibintu n’ibintu.
Ako konga bita Cari karuzuye maze gata inzira hama kihereza guca mu mazu y’Abantu mu kubomora amazu no guhitana abantu kandi ari mwijoro.
Mu gitondo kuri uyu wa mungu niho abantu bazindutse baratora ibiziga bimwe bimwe vyari vyatwawe nayo mazi y’iryo segenya.
Ibiharuro vy’imfatakibanza vyerekana ko abantu bapfuye ari 15, abakomeretse: 45, Inzu zabomotse buhere: 57, izitabomotse cane: 49, izatewe namazi: 132.
Hamaze imisi harwa imvura y’isegenya mu gisagara ca Bujumbura, aho amazi amaze kubomora amazu agahitana n’ubuzima bw’abantu.

Amakuru amwe akavuga ko ako kuzi kuzuye maze gahusha inzira kari kaciriwe n’Ishirahmwe ABUTIP maze ivyakozwe n’iryo shirahamwe vyo kugomera urwo ruzi birasendwa kubera amazi menshi muri ako kuzi gaca mu gisagara ca Bujumbura kavuye mu misozi ihanamiye igisagara ca Bujumbura.
Mwomenya ko naho ikigo kijejwe gupima ibijanye n’ikirere, ISABU, hamwe n’ubushikiranganji bw’ibidukikije butashoboye kuburira kare abo bahitanywe niryo sanganya.
Hari uwokwibaza nimba vyukuri ubushikiranganji bujejwe ibidukike bukora ivyabwo, nko kugerageza gukurikirana abubaka hamande y’inzuzi, kwitaho utwonga tumwe tumwe dukunze guteza amasanganya.
Leta y’Uburundi yari ikwiye kugarukira kuri abo barokotse iyo segenya aze bakaronswa ivya nkenerwa kuko bamwe bamwe babuze ivyo bari batunze mu nzu zabo.





Recent Comments