Ivyo ni vyavuye mu nama yahuje amashirahamwe y’abakenyezi b’imboneza hamwe n’abari mu migambwe kur’uyu wa gatanu. Abo bakenyezi bakaba bariko bariga ingene ibice 30 kw’ijana ryabageneye mu nzego z’igihugu zoduga gushika kuri 50 kw’ijana.

Sendazirasa Annonciata, icegera cakabiri c’umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu, yari yatumiwe murico kiganiro nk’umukenyezi w’imboneza yasavye abakenyezi aho bari hoze mu nzego kuraba ko ibitsina vyubahirijwe batarinze kubaza abagabo bakorana canke abagabo bubakanye. Arabasaba kwijukira ishure, kurondera ubutunzi, kugira ishaka kugira bashobore kuja kwitoza.
Uwahoze arongoye Uburundi nawe Président Sylvestre Ntibantunganya nawe nyene yari yatumiwe mubaremesha ico kiganiro akaba yamenyesheje ko imigenzo y’ikirundi iha ikibanza kinini umukenyezi uravye imyibutsa abakera baca uhereye uwuvuga ko ‘’umuhusha tunga ahusha umugore’’.
Président Sylyvestre Ntibantunganya aributsa abakenyezi ko aribo benshi mu gihugu ko bakwiye kuja hamwe bagashigikira uwuzokwitoza mu matora yo mu 2020 azoduza ibice 30 kw’ijana mu nzego z’igihugu.





Recent Comments