UBM News ads

Habuze iki ngo isoko nkuru ya Bujumbura isubire yubakwe ?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu gihe icegera cakabiri yariko aratanga imbere y’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka icegeranyo c’ibikorwa vyakozwe n’ubushikiranganji ajejwe bujanye ahanini n’ivyubutunzi kur’uyu wa kabiri, umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda yaramubajije igituma ahahoze isoko nkuru ya Bujumbura hadasubirwamwo ngo hubakwe.

Isanamu ya kera

 

Pascal Nyabenda agasaba ko hokubakwa inyubakwa isumba iyarihari kuko ari icirore c’umugwa mukuru w’ubutunzi bw’Uburundi, akabaza ko atabagwiza tunga boja hamwe bakuba icahoze ari isoko nkuru ya Bujumbura.

Iyo soko nkuru ya Bujumbura yahiye iratokombera mu mwaka wa 2013 itariki 27 nzero mu gitondo kumusi w’Imana. Iyo soko ikaba yinjiza imiliaridi zirenga zitatu ku kwezi mu kigega ca Leta ikaba yarimwo abadandaza bashika ibihumbi 7 bazwi.

Icegera cakabiri c’Umukuru w’igihugu, Dr Joseph Butore, yishuye ko aho nyene ariho vyugariye ngo kuko hakenewe inzu niniya isumba iyahahora ati ariko abaza bose kubaza ico bohakorera baza bashaka kuhagura hama bakahakorera, ariko Leta ntifise umugambi wo kuhagurisha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments