Ivyo nivyavuzwe n’umushikiranganji w’amashure matomato ayisumbuye n’ayimyuga, Janviere Ndirahisha, k’urubuga rwiwe ngurukana bumenyi twitter. Abo banyeshure bakaba bitaburiyeko impuzu z’ishure igihe bari bahejeje ikibazo kibaha uburenganzira bwo kuja muri kaminuza mu kwezi kw’icenda uyu mwaka.

Amaphoto yabo bakaba baciye bayashira ku mbuga ngurukana bumenyi aho vyaciye bibagirira ingaruka mbi kuko abavyeyi abayobobozi bose bagaye iyo ngendo yo kwitaburirako impuzu. Eka n’Inama nshikiranganji irongowe n’Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, ikaba yarize ico kibazo ica isaba ubushikiranganji bubajejwe kuraba igihano bakwiye mu gihe hariko haravugwa ko bokwankirwa kuronka diplôme zabo arizo mpapuro mpamyabushobozi. Ivyateye ubwoba bwinshi abo banyeshure mbere bamwe bakaba barasavye ikigongwe baciye ku mbuga ngurukana bumenyi nyene.
Umushikiranganji Janviere Ndirahisha akaba yamenyesheje kur’uyu wa gatatu ko inyuma y’amatohoza yakozwe basanze abo banyeshure bitaburiyeko impuzu z’ishure bangana 96, batatu akaba aribo mu ntara ya Bubanza, 93 nabo arabo muri mairie ya Bujumbura. Abo bose rero ngo bazobanza guca mw’ishure ry’igororero baronswe n’inyigisho zo gukunda igihugu imbere yo guhabwa diplôme arizo mpapuro mpamyabushobozi.





Recent Comments