Umushikiranganji wo kwivuna abansi w’Uburundi, Emmanuel Ntahomvukiye, yagiriza Urwanda gutera Uburundi mu gitero giheruka kubera mu ntara ya Cibitoki muri Komine Mabayi.
Ivyo akaba yabivugiye i Kampala mu Buganda mu nama ya 47 y’Ukwivuna abansi y’ishirahamwe rya Afrika y’UBuseruko.
Emmannuel Ntahomvukiye, umushikiranganji wokwivuna abansi w’Uburundi(yasubiriye Pontien Gaciyubwenge) akaba yahamagariye Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU hamwe n’umuryango mpuzamakungu ko vyohagurukira ighihugu c’Urwanda.

Ntahomvukiye avuga ko igihugu c’Urwanda gisotora cane Uburundi. Ntahomvukiye yibukije ko igihugu c’Uburundi cashikanye ibirego mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko ku bijanye n’agasomborotso k’Urwanda.
Ntahomvukiye akaba yamenyesheje ko naho ivyo birego vyose vyashikirijwe ONU, EAC hamwe n’amakungu, nta na kimwe kirakorwa gushika ubu.
Mwomenya kandi ko umukuru w’igihugu c’Uburundi, Petero Nkurunziza nawe aheruka kumenyesha ko igihugu c’Urwanda arico gitera kikongera kikamenyereza abatera Ubruundi.
Igihugu c’Urwanda nubu kibandanya camirira kure ivyo birego vya leta y’Uburundi.





Recent Comments