UBM News ads

Umukenguzamateka yarahagaritswe muri zone Kamenge

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu bashika 12 nibo bakomerekejwe n’imodoka yariko itwaga n’umukenguzamateka Gédeon Gahungu kur’uyu wa gatandatu muri komine Ntahangwa muri zone Kamenge. Imiduga, amakinga na za Tuk Tuk birenga cumi navyo nyene vyarononywe n’uyo mu mukenguzamateka nkuko bivugwa na Pierre Nkurikiye, umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi.

Hakaba hari igihe c’isaha zitatu zo mugitondo aho uwu mukenguzamateka yatowe mu ntara ya Rumonge yatemagura umugore wiwe n’umushitsi ariko ntibapfa kuko abana baciye bakoma induru baja gutabaza ababanyi, Gedéon Gahungu yaciye asa n’uwuhunze atwaye umuduga wiwe.

Yaciye atwara umuduga wiwe wo mu bwoko ba Prado yirukaca cane aca agonga uwo bahuye wese. Abenegihugu babiri bagonzwe nawe muri cumi bakaba aribo babaye cane. Uyo mukenguzamateka akaba yaciye afatwa n’igipolisi ubu akaba ari mu minwe y’ubutungane nkuko bivugwa na Pierre Nkurikiye.

Kurenga ibigo vy’umugore wiwe vyoba arivyo vyatumye uyo mukenguzamateka akora ivyo vyaha nkuko amakuru ava aho yaba abivuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments