Leta y’Uburundi ivuga ko abasenyeri bo mu Burundi bokurwa mu mabanga yabo kubera ico bamwe mu bagize leta y’Ubrundi bavuze ko abo basenyeri bakwiragiza inkuru z’Urwanko.
Vyose vyavuye kw’itanagzo ryasomwe ejo ku mwa 22 Nyakanga 2019 mu masengero yose ya katolika mu Burundi.
Abepiskopi ba katolika basohoye itangazo imbere y’amatora biyamirza ko abatavuga rumwe na leta basigaye bahohoterwa kandi bigakorwa n’imbonerakre za CNDD-FDD zisubirira inzego z’umutekano.
Muri iryo tangazo kandi abo bakuru ba Katolika bamenyesha ko imigambwe iri mu murwi w’abatavuga rumwe na leta idahabwa ikibanza kingana n’iyindi maze igahahazwa.

“Bamwe bamwe mu basenyeri barakwiye kwitrukanwa mu mabanga yabo…hako babadanya basuka ubumara bwabo bw’urwanko mu banyagihugu”, niko Willy Nyamitwe yanditse avuga.
Icuka kibi hagati ya leta y’Uburundi n’idini rya katolika coba gisburiye kwibonekeza nkuko vyama mu misi canke mu biringo vy’amatora.
Certains Ă©vĂªques devraient Ăªtre dĂ©froquĂ©s car c’est devenu une habitude: A la veille des Ă©lections, ils doivent cracher leur venin de haine Ă travers des messages incendiaires. Pardieu! Quoi de plus normal puisqu’ils ne sont mĂªme pas le modèle de la piĂ©tĂ©. #Burundi pic.twitter.com/1XdudYZHau
— Amb. Willy Nyamitwe (@willynyamitwe) September 21, 2019





Recent Comments