UBM News ads

Umugambwe CNL usaba amakungu gukurikiranira hafi amabi akorerwa abanywanyi bawo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyabamanga w’umugambwe CNL yaraye amenyseheje asaba ko amakungu yokurikiranira hafi amabi akorerwa abanywanyi bawo ariko yibonekeza hirya no hino mu gihugu c’Uburundi.

Umunyabanga wa CNL, Simon Bizimungu yamenyesheje ejo ku musi wa gatatu ko agatotezo kariko gakorerwa abanywanyi ba CNL kimonogoje cane aho yanagarutse no ku rupfu rw’umunywanyi wa CNL mu ntara ya Muyinga.

Simon Bizimungu kandi yariyamirije imvugo y’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano, Pierre Nkurikiye, aho yamenyesheje ko abakora amana y’ijoro aribo bateza imvururu ziri hagati y’imishamirano hagati y’imigambwe.

“Umugambwe CNL uriyamirije wivuye inyuma imvugo ihengamye y’umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe umutekano biboneka ko ifise intumbero yo guhanagura icaha no guha impigi abakorera ayo marorerwa abanywanyi ba CNL”, niko Simon Bizimungu yavuze.

Mwomenya ko Inama Nkuru y’igihugu yiyamiriije iyo ngendo yo gushamirana hagati y’imigambwe ariko kandi aba CNL bagashima imvugo y’abategertsi bo ku rwego rwo hejuru mu gihugu ariko hakabura ingiro n’ibikorwa bijana nimvugo zabo z’ituze.

Umugamwe CNDD-FDD natco urashikiriza ku mugaragaro ku vyagirizi vya CNL ivuga ko imbonerakure arizo ziri inyuma y’itotezwa ry’abanywanyi b’uwo mugambwe mu gihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments