UBM News ads

Abakuru b’amadini babujijwe kwisuka muri politike

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abakuru b’amadini mu Burundi baraye babujijwe kwisuka mu bijanye na politike y’igihugu nk’uko vyama vyibonekeza iyo hegereje amatora.

Ivyo vyavuzwe na Pascal Nyabenda, umukuru w’Inama Nshingamateka aho yari guhimbaza i Gitega mu misa y’idini rya katolika.

Nyabenda yarihakanikirije abakuru b’amadini bisuka mu vya politike ahubwo basabwe gufasha leta mu bijanye no guteza imbere abanyagihugu.

Nyabenda kandi yamenyesheje ko imigenderanire hagati y’idini katiloka na leta y’Uburundi ari myiza muri iki gihe.

Kuva mu mwaka wa 2015, imigenderanire hagati ya leta y’Uburundi n’idini rya katolika ntiyifashe neza.

Mu mwaka wa 2015 hari abakuru bamwe bamwe mw’idini rya katolika bahagurutse baramenyesha aho bahagaze gushika yaho batangura kumera nk’abaterwa ubwoba  hama n’amakungu ahavura arasemerera kugira ngo iterabwoba rihagarare.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments