Mugihe umushikiranganji w’ubutunzi, Domitien Ndihikubwayo, yariko arasigura kur’uyu wagatatu itegeko rigenga amafaranga Leta izokoresha kuva mu kwezi kwa ruheshi 2019 gushika ruheshi 2020, abashingamateka baratangajwe nukubona atamahera yategekanijwe yo kubatekerera mu gihe bazoba barangije ikiringo cabo mu mwaka w’i 2020. Benshi bakaba barabajije ibibazo igituma batazobatekerera mugihe bahora batekeregwa bahejeje ibiringo vyabo.

Umushikiranganji w’Ubutunzi, Domitien Ndihokubwayo, akaba yarasiguriye abo bashingamateka ko igihugu kiriko kiritegurira amatora yo mu 2020, ko imiriyaridi zishika 30 zashizwe mu vy’amatora, ko rero amahera yo kubatekerera ashobora kuboneka mur’irindi tegeko ryo kiringo ca 2020-2021. Ivyo bikaba vyavuye kwihagarikwa ry’imfashanyo mvamakungu nkuko bivugwa n’umushikiranganji w’Ubutunzi.
Amahera azokoreshwa mu gihugu akaba arenga gato imiliyaridi 1300 y’amahera y’amarundi, ibice 85 kw’ijana bikazova hagati mu gihugu mugihe ibice 46 kw’ijana arivyo vyahora biva hagati mu gihugu.
Abashingamateka Gabriel Ntisezerana, Aloys Ntakarutimana bari muri murwi ujejwe ubutunzi babwiye bagenzi babo ko ivyo ari ibisanzwe ko batabaha ayo mahera yo kubatekerera ko bazoca bayabaha mur’irindi tegeko ryo mu mwaka uza. Abashingamateka 111 akaba aribo bemeje iyo nteguro y’itegeko muguhe babiri barihakanye.





Recent Comments