UBM News ads

Ibintu birabandanya kuyangara hagati y’Urwanda na Uganda

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abantu babiri barishwe ku musi wa gatanu k’umupaka hagati y’igihugu c’Urwanda na Uganda. Umwe akaba ari umunyarwanda uwundi akaba umuganda. Leta ya Uganda ikaba yagiriza abajejwe umutekano b’igihugu c’Urwanda kuba barinjiye k’ubutaka bw’igihugu c’Urwanda aho bica abo bantu babiri.

Nkuko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP ry’abafaransa, ubushikiringanji bw’imigenderanire bw’igihugu ca Uganda bukaba bwarandikiye ubushikiranganji bw’igihugu c’Urwanda ko bwiyamirije iryo honyangwa ry’agataka k’Ubuganda. Ubwo bushikiranganji bw’Ubuganda bukavuga ko uwo munyarwanda yishwe yaravuye mu gihugu c’Ubuganda agire yinjire m’Urwanda aca abona abajejwe umutekano b’Urwanda aca arasubira inyuma nabo baca baramukurikira binjira mu gihugu c’Ubuganda. Niko kumufata n’imoto yiwe yarimwo ibidandazwa. Yarageraje kunana yanka ko bamuhagariko niko kuca araswa aracikana. Umuganda umwe yaraje kumutabara nawe nyene yaciye araswa.

Igipolisi c’Urwanda kirahakana ivyo vyose kikavuga ko ivyo vyabereye k’ubutaka bw’Urwanda. Ico gipolisi c’Urwanda kikavuga ko cariko kirangenzura urudandazwa rudaciye mu mategeko niho guca bafata uwo munyarwanda kubutaka bw’Urwanda nawe atangura kurwanya abapolisi. Igipolisi c’Urwanda kikavuga ko haciye haza igitero c’abantu bitwaje imipanga bavuye mu gihugu c’Ubuganda niki guca barasa.

Kur’uyu wagatandatu abajejwe intwaro n’umutekano k’umupaka w’’ivyo bihugu bakaba barahuye kugira baganire ico kibazo mu nyuma baca barahumuriza abanyagihugu ko boguma m’umutekano. Igihugu c’Urwanda kikaba kibuza abanyarwanda kuja m’Ubuganda kurangurirayo ariko hari ababirengako.

Président Kagame na président Museveni bakaba batakirabana ryiza haraciye umwaka urenga bakaba bagirizanya kurerekana, ubwicanyi bwa politike no gushigikira abatavuga rumwe nabo. Ariko aba bakuru b’ivyo bihugu bakaba bari incuti zikomeye mu nyaka ya 80 na 90. Igihugu ca Afrika yepfo kikaba kiriko kiragerageza kubahuza. Ivyo bikaba vyagaragaye kur’uyu wagatandatu aho aba bakuru b’ibihugu bibiri babicaritse hamwe mu gihe Président Ramaphosa yariko ararahira ku kindi kiringo azotwara igihugu ca Afrika yepfo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments