Ivyo vyavuzwe na Olivier Suguru, atwara ishirahamwe ryabafise amahinguriro mu Burundi. Hari mu nama ihuza abafise amahinguriro mu Burundi yabaye kur’uyu wagatatu kw’itariki 24 ndamukiza 2019 ico bise Salon industriel, deuxième édition, nikuvuga iyakabiri imaze gutunganywa mu Burundi.

Ubwo butare nickel bukaba butumbereye mu ntara ya Rutana muri commune Musongati. Ubwo butare bugashobora kuvamwo ibikoresho vyinshi ari amasfuriya n’ibindi bikoresho vyo munzu, ari ivyuma vy’indege, ivyuma vy’imodoka, ibikoresho vyo kwa muganga. Nickel rero ivamwo icuma kitagwa ingese kandi kitabungwa.
Ariko kuva aho hatorewe ubwo butare mu ntara ya Rutana haraciye imyaka 50 ntiburatangura gucukurwa. Bamwe bakavuga ko habuze umuyagankuba n’igariyamoshi vyo kubuhingura no kubutwara gushika kubivuko. Ariko amacamions aguma atawara iryo vu ririmwo ubutare bavuga ko bakiriko barapima neza ubwo butare.





Recent Comments