Mw’itangazo umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, yashize ahabona kur’uyu wa kane aho uwo mugambwe wibuka ikoraniro kaminuza aho hashizwe imbere Président Petero Nkurunziza ngo asubire kw’itoza ubugira gatatu, yamenyesheje abagwanya ico kiringo arabagwanye demokarasi nkuko yagwanijwe mugihe imigambwe UPRONA na FRODEBU yatsinda amatora mu 1961 no mu 1993.

Evariste Ndayishimiye akamenyesha ko ingingo yo kwemeza yo gushirimbere Président Petero Nkurunziza waciye ushira ahabona abaterekwa demokarasi, ati ninaho imigumuko yaciye yaduka mu gihugu cose n’imigwi igwana iravuka. Evariste Ndayishimiye akaba yasubiriye kwagiriza igihugu c’Urwanda ko gwashigikiye iyo migumuko hamwe n’ibihugu yise vy’abakoroni.
Evaritse Ndayishimiye akavuga ko bazogwanya uwushaka gutwara igihugu biciye mu nguvu akayamiriza abaciye bafatira ibihano Uburundi. Evariste Ndayishimiye asaba abarundi kuguma kubikorwa vy’iterambere, guterera amatora yo mu 2020 agasaba n’impunzi gutahuka kwifatanya n’abandi kubaka igihugu.
Mwomenya ko itariki ya 26 ndamukiza 2015 bukeye umugambwe CNDD-FDD uhejeje kwemeza président Petero Nkurunziza kuba umukandida w’uyo mugambwe, haciye haba imyiyerekano mu gisagara ca Bujumbura yokwiyamiriza ico kiringo ca gatatu bavuga ko kitajanye n’amategeko. Imyiyerekano yamaze hafi ukwezi gushika itariki 13 rusama 2015 aho hashatswe guhikwa ubutegetsi na general Niyombare Godefroid yahoze atwara iperereza.
Abarundi bashika ibihumbi amajana atanu baciye bahunga amaradiyo n’ibimenyeshamakuru bitari bike birugarwa Amakungu yaratoye umuhuza w’abarundi ariko ivyo biganiro ntaco vyashitseko n’umuhuza akaba yaratanze imihoho.





Recent Comments