Mugihe Abarundi buca bibuka imyaka 25 irangiye Président Cyprien Ntaryamira yitavye Imana ahuye n’isanganya ry’indege mu gihugu c’Urwanda, Abarundi ntibararonka inyishu yuwarashe iyo ndege yarimwo na Président Havyarimana Juvénal w’Urwanda. Igihugu c’Ubufaransa, abagwanyi ba FPR n’abari begereye Président Juvénal Havyarimana bakaba bose batumanako urutoki ko aribo bakoroye iyo ndege hari kw’igenekerezo rya 6 ndamukiza 1994.

Ubwo nyene iyo ndege ikiraswa haciye haduka ubwicanyi bwagahomeramunwa hagati y’Abanyarwanda ico amakungu yise ihonyabwoko. Sentare mpuzamakungu yaciye ishingwa abatari bake bakaba bamaze gushikanwa imbere y’ubutungane kugira babazwe ivy’iryo honyabwoko. Ariko ikibazo c’uwakoroye iyo ndege ntikiratorerwa inyishu.
Président Sylverstre Ntibantunganya ari mubagendanye na Président Ntaryamira akaba ari nawe yamusubiriye kurongora Uburundi amenyesha ko yari yatanguye kubaza ivyiyo dosiye na mugenziwe w’Urwanda wico gihe ariko avuka ko yaronse inyishu yukubanza kurindira impore ikaboneka mu Burundi no mu Rwanda. Muri kino gihe Président Sylvestre Ntibantunganya abona ko Leta y’Uburundi, umuryango wa Président Cyprien Ntaryamira n’umugambwe FRODEBU yaturukamwo bobandanya kubaza ivy’iyo dosiye.
Igihugu c’Ubufaransa cagiriza Umuhari FPR kuba yarakoroye iyo ndege uwo muhari nawo ukabihakana ukagiriza ahubwo igihugu c’Ubufaransa kuba carifatikanije n’abakoze ihinyabwoko kumara abanyarwanda, Ico gihugu c’Ubufaransa cari cuguruye iyo dosiye yiraswa y’indege yarimwo Président Ntaryamira na Président Juvénal Havyarimana ariko carinze cugara iyo dosiye atanyishu itanzwe.
Igihugu c’Uburundi kiribuka ku’uyu wa gatandatu uwo mukuru w’igihugu yamaze amezi abiri k’ubutegetsi yashira imbere discipline mu buzi bwose nkuko yabivuze mw’ijambo ryiwe aho yimikwa, igihugu c’Urwanda naco kikazokwibuka kur’uwo musi nyene itangura ry’ihinyabwoko. Mwomenya ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi atarasubira kugendera mu ndege kuva aho hashatswe guhirikwa ubutegesti itariki 13 rusama 2015.





Recent Comments