Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wa kane, Faustin Ndikumana, arongoye ishirahamwe PARCEM, amenyesha ko ubukene mu miryango y’abarundi buzura inzara. Aho yishimikiza ibiharuro vyatanzwe n’ikigo ISTEEBU mu mwaka w’i 2014. Faustin Ndikumana akavuga ko aho hari imbere y’amagume yo mu 2015, ati ubu muri kino kirongo ibintu bitera vyunyuka.

Faustin Ndikumana avuga ko abarundi bashika 70 kw’ijana babaho musi y’idorari rimwe ku musi ni kuvuga musi y’amahera angana 2700 y’amarundi. Uwo arongoye ishirahamwe PARCEM amenyesha ko mubindi bihugu iyo abantu bakenye bangana ibice 30 kw’ijana bitera uruhagarara abarongoye ivyo bihugu.
Faustin Ndikumana arodoma urutoke ku ntara 10 kuri 17 ziri mu Burundi zibangamiwe cane n’ubwo bukene, izo nazo akaba ari Kirundo, Cankuzo, Ruyigi, Karusi, Gitega, Muyinga, Kayanza, Bubanza, Rutana na Muramvya. Faustin Ndikumana asaba abarongoye igihugu n’abarundi gufashanya mur’izo ngorana kugira tuzivemwo.





Recent Comments