Ubuyobozi bujejwe uruja n’uruza mu gihugu c’Urwanda bwamenyesheje ko Abanyarwanda baza mu Burundi bagabanutse gushika ku bice 30%.

Rwanda Migration igatangaza ko habaye igabanuka ry’ibice 70% vy’abanyarwanda baza mu Burundi kuva hatanguye ivyo gutoteza Abanyarwanda bari ku butaka bw’Uburundi.
The number of Rwandans moving to #Burundi has decreased to 30% (a 70% drop) since the harrasment of #Rwanda-ns in Burundi, @Rwandamigration says.
The movement to #Uganda is likely to drop due to harrasment, after a travel advisory by RW govt.#Umwiherero2019— Moise Bahati (@moisebahatim) March 9, 2019
Ariko rero, biraboneka cane ko n’abanyarwanda baja mu gihugu c’Ubuganda bagiye kugabanuka cane mu gihe atacokorwa kubera imishamirano hagati ya Kagame na Museveni ku bijanye n’uko Ubuganda buhohotera abanyarwanda.
Mwomenya kandi ko Abarundi bakija mu Rwanda kuronderayo ubuzima,na cane cane ababa mu ntara zihana urubibe n’urwanda nka Kirundo na Muyinga.





Recent Comments