Umupasiteri wo mu gihugu ca Africa y’Epfo, Alfred Ndovu, yapfuye kubera umubiri wiwe wabuze imfugurwa mu misi 30 igihe yariko agerageza kwisonzesha nka yezu Kristu yisonzesheje imisi 40 n’amajoro 40.
Ikinyamakuru African Stand kimenyesha ko uwo mupasitori yari afise imyaka 44 yavuye muhira iwe ku wa 17 Ruheshi 2018 maze aja mwishamba riri hafi gutura amasengesho, nk’uko Yezu yabikoze.

Mu kugerageza gushikira urugero Yezu yashikanyeko mu kwisonzesha imisi 40, Alfred Ndovu wewe yapfuye inyuma y’ukwezi naho bivugwa ko ata kahise k’ingwara yari afise.
African Stand ikamenyeshea ko yari umwe mw’ishamba maze umuvyimba wiwe ukaba wabonywe nuwariko arengana maze ahamagara igipolisi.
Alfred Ndovu akaba yari azwi n’umuryango wiwe kuba umuntu asenga caane, uwo ukwizera kwiwe kuvugwa ko ‘kwoshobora kwimura imisozi‘.
Urupfu rw’uwo mupasotori rukaba rwaratangaje benshi, mbere n’intama ziwe zikaba zaratangaye cane’.





Recent Comments