Rally Joe akaba ari umwe mu baririmvyi b’ abarundi bakunzwe cane mu Burundi kandi bamaze gutwara ibihembo vyinshi mu mahiganwa atandukanye y’ Umuziki.

Uyo muririmvyi akaba ari gukora cane bidasanzwe mu gihe abaririmvyi benshi bo mu Burundi barangwa n’ agacerere kadasanzwe. Mu kiganiro Rally Joe yahaye ikinyamakuru UBM News yamenyesheje y’ uko afise indirimbo nyinshi zigiye kuja ahabona vuba, zimwe na zimwe zikazoba ziherekejwe n’ amasanamu yazo.


Ni nk’ indirimbro APPLE yakoranye na AFISA RAJB ikaba yarakorewe kwa LIZER CLASSIC, tutibagiye n’ amashusho yayo Rally Joe aheruka gushira ahabona vuba.

Twongere tubibutse y’ uko ivyo vyose akaba agiye kuzobifashanya na “Label” nshasha arimwo bazokorana ibintu vyinshi, ariko kugeze ubu atarashima kuyishira ku mugaragaro.
RABA NGAHA CLIP VIDEO ya APPLE by Rally Joe
[youtube id=”Sfc5ZBSYkjw” align=”center” mode=”normal” autoplay=”no” maxwidth=”640″]





Recent Comments