UBM News ads

Rwanda-RDC:ibihano bikomeye kubatazokubahiriza amasezerano y’amahoro hagati y’urwanda na RDC-Lucy Tamlyn

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwuserukira Amerika muri RDC Amb Lucy Tamlyn yemeza ko hari ibihano bikomeye bigiye gufatirwa urwanda na RDC mu gihe bitoshira mu ngiro umugambi w’amasezerano y’amahoro yasinywe kuwa 27 ruheshi 2025

Mu kiganiro yatanze ku musi w’ejo igenekerezo rya 14 mukakaro 2025,Ambassadrice Lucy Tamlyn aserukira Amerika I Kinshasa yemeza ko hari ibihano bitegekanijwe ku rwanda na kongo mu gihe bitoshira mu ngiro ibiri mumasezerano y’amahoro yo kuwa 27 ruheshi 2025.

Lucy tamlyn akavuga ko hari umugambi wo kubaka urugomero rw’umuyagankuba uzoshika mu bihugu nk’urwanda,uburundi na RDC uzotwara imiliyoni 760 z’ama dorari y’Amerika ariko ukaba ukeneye ko haba umutekano mu karere kugira ushirwe mu ngiro.

Mu kwezi guheze kwa Ruheshi 2025 niho urwanda na RDC,imbere ya Prezida Donald Trump n’abashikiranganji bajejwe imigenderanire y’ibihugu rw’urwanda na RDC bashira umukono kumasezerano y’amahoro hagati y’urwanda na Rdc.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments