Amasanganya yabaye menshi mu Burundi

0
RUYGI: Hari  igihe c’isaha y’icenda z’umugoroba (15h)kuri uyu wa gatandatu  04/04/2020,aho ikamyo ya Brarudi yaritwaye inzonga mu ntara ya Cankuzo yagize isanganya igeze muri komine Bweru mu ntara ya Ruyigi ahitwa mu Kibonangoma.
Amakuru atangwa n’abahegereye avugako ibinyobwa vyose ko vyasesetse,imodoka irononekara cane Bikaba bivugwa ko n’umu shoferi yoba yahasize ubizima.
Twagerageje kubaza abahinga muvyo gutwara ibintu n’abantu; batubwiye ko bihweje uburyo amabarabara yononekaye nka yose haba mugisagara canke hagati mu gihugu, amasanganya atoreka guhitana abantu. Bakabandanya batera akamo Leta ngo ishire inguvu nyinshi muvyo gusanura amabarabara kuko abahasiga ubuzima babandanya baba benshi.
Aho iwanyu amabarabara yifashe gute?
Hariko harakorwa iki ngo abenegihugu bakingigwe mubijanye n’amasanganya???