Thursday, September 28, 2023
No menu items!
HomePoliticsˮUribaza ivyo Ndayishimiye arimwo, ukibaza ivyo avuga, ukibaza ko ari umukuru w-igihugu...

ˮUribaza ivyo Ndayishimiye arimwo, ukibaza ivyo avuga, ukibaza ko ari umukuru w-igihugu koko‟ – Aimé MAGERA.

Inyuma yaho Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyeshereje kuri uyu wa kabiri  amajambo akomeye  imbere y-abagize urwego rw-ubucamanza aho yemeje ko bigiye kumugora kurongora igihugu kitarimwo ubutungane,  Aimé MAGERA asanzwe aba hanze y-igihugu c-uburundi ndetse akaba anarongoye umugambwe CNL ku mugabane wa buraya, amenyesha ko amajambo yashikirijwe na Perezida Ndayishimiye ari ikimenyetso sindamusiga cerekana ko yashizwe ku butegetsi biciye mu busuma bwemejwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro. Kanatsinda ngo iyo haba hari ubutungane mu gihugu, Perezida Ndayishimiye ntaba ari umukuru w-igihugu c-uburundi  iki gihe kuko nawene ngo abizi.FNL : « Le plan Safisha continue… » – IWACU

Kubw-uwo munyepolitike avuga ko amajambo ashikirizwa na  Perezida Varisito Ndayishimiye atuma  umuntu yo kwibaza ko ariko avurwa n-umukuru w-igihugu c-uburundi koko canke ko ari uyundi muntu.

Aimé MAGERA ati: ˮ Uribaza ivyo arimwo, ukibaza ivyo avuga, ukibaza yuko aba ari umukuru w-igihugu koko canke bamusunitse bati genda uvuge ivyo. Urumva rero nta butungane mu Burundi buhari, arabizi nawene kandi nibwo bwamushizeho. Ni yaba ubwo butungane buhari, ntaba ari umukuru w-igihugu , ivyavuga ni ibintu bitumvikana na gatoyi . ubwo butungane aburimwo kuva agishika ku butegetsi none yovuga gute ko ata butungane buhari? Ariwe yari hafi umukuru w-igihugu petero Nkurunziza, ariwe umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu, akaba yarikumwe n-abo ba generaux nyene barikumwe . Muri make , ubwo butungane nibwo bwamushizeho mu kwiba amatora. Uno musi rero ntiyovuga ngo nta butungane buhari kandi ariwe abuhagarariye.Ntushobora kuvuga ngo abanyagihugu ntibabatunganiriza kandi abanyagihugu batamutoye hanyuma akaza ariwe ashirwaho n-igisirikare, iperereza hamwe n-ubwo butungane. Abo banyagihugu arababeshera canke avuga ivyo atumva kuko abo banyagihugu ntibasiba kuguma batorwa mu nzuzi , abandi bakaburwa irengero mu nyuma babimubaza agaca avuga ngo bagiye mu Rwanda inyuma yo gusiga bakoze ubwicanyi‟

 

 

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments