ˮNizere ko atari Albert Maniratunga umwe tuzi, ahubwo n-uwo bitiranwa yagenywe mu mabanga‟-Gabriel RUFYIRI.

0

Inyuma y-ibogozwa rya Albert Maniratunga yahoze arongoye ishirahamwe OTRACO,  Abatari bake baguye mu gahundwe no kubona yasubiye  kugenwa na Perezida Varisito Ndayishimiye, ari nawe yari yamubogoje imbere y-ibinyamakuru n-imboneshakure . Albert Maniratunga akaba yagenywe mu kuba umuyobozi mukuru  mu gisata co kwunguruza abantu n-ibintu.Image

Kubwa Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME amenyesha ko kwoba ari ukwiha amenyo y-abatwenzi hamwe vyoba ari ukuri Albert Maniratunga akaba yasubiye kwizerwa n-umukuru w-igihugu mu gihe yaheruka guhagarikwa mu mabanga yagirizwa kunyonora k-ubutunzi bw-igihugu.

No kudatomokerwa neza  uwoba yagenywe, Gabriel RUFYIRI ati:

ˮNizere yuko atari Albert Maniratunga  umwe tuzi yakubagurirwa kw-ibarabara yagirizwa amakosa atagira ukwo angana  ku bijanye  no gukora nabi  no gutunganya nabi ivy-igihugu mbere harimwo n-ibiturire , twebwe muri OLUCOME twizera yuko atarivyo ariko hamwe vyoba arivyo  nibaza yuko  twebwe twohava twibaza yuko hoba habaye ikintu kitameze neza coba cabaye twobanza gutohoza. Tukizera yuko ari uwo vyoba bitiranwa kuko vyama vyashitse‟

Tubibutse ko hari n-umuyobozi mukuru w-ishirahamwe REGIDESO yabogojwe mu mabanga yiwe mu misi iheze yagirizwa guhomvya iryo shirahamwe hamwe no gukora ubundi busuma, bukeye aca agenwa muyandi mabanga nk-uwushinzwe gutunganya imigambi mu biro vy-umukuru w-igihugu.u