Urwaruka rw-abarundi rurenga 30 rukora akazi ko kwisumamwo rurafunzwe n-igisirikare Congo .

0

Imiyabaga y-abarundi irenga 30 yarahagaritswe ku mugoroba wo kuri uyu wa kabiri  n-igisirikare ca Republika iharanira intwaro rusangi  ya Congo aho bita  i Sange mu karere ka Uvira, iri mu ntara ya Kivu y-ubumanuko . Abo bahagaritswe bari basanzwe bari ku butaka bwa Congo batagira ibibaranga bagakora urudandazwa ruto ruto, nkuko amakuru avayo abitumenyesha.May be an image of child, sitting, outdoors and text that says 'SHOT ON P15 itel DUAL CAMERA'

Nk-uko tubisoma mu kinyamakuru Sos Medias , abo bahagaritswe bari mu mazu abiri ari mu gisagara ca Sange neza na neza I Rutanga. amashirahamwe yigenga yo mw-ako karere amenyesha ko urwo rwaruka rwungururijwe I Kabunambo , ku cicaro gikuru c-igisirikare ca Congo mu kiyaya ca Rusizi kugira ngo bafungirweho.

N-abatware bo muri ako gace baremeza ayo makuru.

ˮNta rukaratasi rubemerera kuba muri Congo bari bafise. Baciye bungururizwa ku buyobozi bukuru bujejwe abinjira n-abasohoka igihugu antene ya Uvira kugira hatunganywe ukwo birukanwa k-ubutaka bwa Congo‟ Niko vyemezwa Mathabishi Nyanhe , arongoye igisagara ca Sange yaganiriye na Sos Medias Burundi.

Tubamenyeshe ko muri iy-imyaka ibiri irangiye ,abarundi benshi batagira ivyangombwa barirukanywe muri Republika iharanira  intwaro rusangi inyuma yo kubanza gucishwa mu busho bw-abajejwe umutekano hamwe no mw-ibohero rya Uvira. Nkuko tubandanya tubisoma mu kinyamakuru Sos Medias Burundi , nuko n-abandi barundi benshi bagipfungiwe muri iryo bohero rya Uvira.

Abenshi mw-abo barundi bagiye muri Kivu y-ubumanuko isanzwe yegereye uburundi gukora mu mirima, kwunguruza abantu ku mapikipiki no ku makinga , kwubaka amazu canke gukora akazi ko mu nzu. Bamwe muribo birangira bagirijwe ko bakorana n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho ifise ibirindiro muri iyo ntara iri mu buseruko bwa  Congo.