NEWS

Ubushikiranganji bw’umutekano buragabisha ku gitero gishobora kugirwa ku mpunzi zihungutse ziva Tanzania.

on

Mw’itangazo Ubushikiranganji nw’umutekano bw’Uburundi bwasohoye ku wa 1 Gitugutu 2018, ubwo bushikiranganji buvuga ko bufise amakuru y’uko ‘hashobora gukorwa igitero ku mpunzi zihungutse ziva muri Tanzania ziri mu rugendo zitahuka mu Burundi’.

Ubwo bushikiranganji bukaba butadomako urutoki abazoba bari inyuma y’ico gitero, ariko bukaba buvuga ‘abitwajje ibigwanisho’.

Mbere n’ishirahamwe ryitaho impuzni kw’isi HCR ryadomweko urutoki muri iryo tangazo kubera ko ‘HCR yigira nk’aho umenga iriko ihungura abarundi kandi mu vy’ukuri itabishaka’,nk’uko iryo tangazo ribivuga.

Ubushikiranganji bw’umutekano bukaba bumenyesha ko ‘intumebero y’ico gitero ikaba igamije ‘kuburabuza igikorwa co guhungura impunzi maze bice biha ishusho mbi ico giko gikorwa hama impunzi zisigaye muri Tanzania zice ziheba gutahuka, maze igikorwa co guhungura impunzi gice gihagarara’, niko hasomwa muri iryo tangazo hano hepfo.

Recommended for you

3 Comments

  1. Pingback: CNARED Isaba leta ya Tanzania kutegamira leta y’Uburundi ku kibazo c’impunzi. – UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

  2. tinyurl.com

    November 23, 2019 at 11:23 pm

    It’s appropriate time to make a few plans for the longer term and it is time to be happy.
    I’ve read this publish and if I may I wish to recommend you few
    interesting things or suggestions. Maybe you can write next articles
    relating to this article. I wish to read even more things approximately it!

  3. http://tinyurl.com/so38vyn

    November 24, 2019 at 8:49 am

    I’ve read some just right stuff here. Definitely price bookmarking for
    revisiting. I wonder how a lot effort you put to make any
    such fantastic informative web site.

Leave a Reply

Your email address will not be published.