Vyagaragaye ko ubufaransa bwagize uruhara muri jenoside yabaye mu Rwanda

0

Nk’uko tubikesha itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa AFP, umurwi w’abahinga washizweho na Perezida w’ubufaransa Emmanuel Macron ngo wige kubirego bivuga k’uruhara rw’ubufaransa rwagize mu Rwanda mu myaka yo hagati ya 1990 na 1994  waraye ushikirije icegeranyo aho abo bahinga bemeje ko Igihugu c’ubufaransa kirongowe na Perezida w’ico gihe  Francois Miterrand  cagizemwo uruhara runini muri jenoside yakorewe abatutsi yabaye mu Rwanda mu mwaka w’1994.

Rwanda genocide: 100 days of slaughter - BBC News

Kubiri mw-ico cegeranyo, harabonekamwo uko igihugu c’ubufaransa cakoranye cane na Leta ya perezida w’u Rwanda w’ico gihe Juvenal Habyarimana muvya gisirikare,  muvya diplomasi, be na politike, harabonekamwo kandi ukuntu Ubufarasa bwica amatwi ntibufashe igihe abatutsi baguma bicwa imbere y’uko jenoside itangura nyezina ;eka no muri jenoside nyezina ingabo za Mitterand  zari mu Rwanda zararorera aho gutabara  naho zagiye kuza ziteba.

Tubamenyeshe ko inyuma y’ibirego vy’u Rwanda bwagiriza ubufaransa ko bwagizemwo uruhara mw’ijenoside yakorewe abatutsi ariho hatumye mu mwaka w’2019 perezida Emmanuel Macron  ashiraho umurwi w’abahinga batohoze banakorereko kw’ivyo birego vy’u Rwanda mu ntumbero y’uko imibano iri hagati y’ivyo bihugu bibiri isubire kumera neza.

Igihugu c’u Rwanda naco nticatevye kugira ico kishikirije inyuma y’ico cegeranyo c’abo bahinga aho cashimye cane ico kikorwa  cakozwe na Leta ya Macron  ndetse u Rwanda narwo ruca rumenyesha ko rwiteguriye gusohora icegeranyo  cakozwe n’iperereza ry’ico gihugu  ndetse ko  rwizeye cane  ko ico cegeranyo cabwo kizoba kihuye cane nico c’abahinga baraye basohoye.