Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeNewsUwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014

Uwundi mukinyi w’umurwi nserukiragihugu atazoja muri CHAN 2014

Inyuma y’iminsi itari mike umurwi wa Kiyovu Sport wo mu gihugu c’Urwanda uriko ugirana ibiganiro na Christian Mbirizi wo muri Vital’O FC, ari nawe yabaye umukinyi mwiza muri CECAFA Kagame cup 2013, igikombe giheruka gutahukanwa na Vital’O FC. Nk’uko bagenzi bacu mu gihugu c’Urwanda babimenyesha, Christian Mbilizi yitezwe mu gihugu c’Urwanda ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu, aho agiye gukinira umurwi wa Kiyovu Sport.

Umuyobozi wa Kiyovu Sport, Norbert Sendege, aganira na IGIHE yamenyesheje ko umumenyereza Kanyankole (nawe nyene yahora muri Vital’O) yari yashimye uwo murwi ariko akavuga ko hakibuze abakinyi b’inaribonye, cane cane abakina imbere n’abakinyi bo hagati.

Niyo mpamvu bipfuje umukinyi wa Vital’O FC, Christian Mbirizi, ari nawe yafashije umurwi wiwe wa Vital’O FC gutwara igikombe ca CECAFA Kagame cup 2013 muri Sudani y’amaja epfo, yongera atorwa kuba umukinyi mwiza muri iryo higanwa.

Sendege yagize ati : “ Christian Mbirizi arashika i Kigali ku mugoroba w’uno munsi kuwa gatatu, aheze ashira umukono ku masezerano ya Kiyovu Sport, co kimwe n’uwundi mukinyi yitwa Ally yanakinye ku rukino rwa kivandimwe n’Amavubi (Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda.”

Sources : IGIHE BURUNDI

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments