UBM News ads

Urwanda rurafise amakuru ko FDLR iri mukibira-Ronald Rwivanga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Urwanda rufise amakuru ko Umuhari wa FDLR ubarizwa mw’ishamba rya kibira mu Burundi nkuko bishikirizwa n’umuvugizi wa RDF Brig Rwivanga Ronald.

Ronald akemeza ko ubu interahamwe za FDLR ubu ziri hagati ya 7000-10,000 zikaba ziri muri north kivu,South kivu no mu Burundi mu kibira.

Mu kiganiro cihariye n’ikimenyeshamakuru reuters n’Igihe co mu rwanda,Brig Gen Rwivanga Ronald yemeza ko umuhari FDLR wagirizwa gukora ihonyabwoko mu rwanda 1994 babarizwa ku butaka bw’uburundi neza na neza mw’ishamba rya kibira aho mbere bakunze guhungabanya umutekano w’urwanda bavuye mu Burundi.

Nkuko Rwivanga abivuga,uyu muhari umaze gukora ibitero vyinshi guhera muri 2022mu bice bitandukanye vy’urwanda.

Uwo avugira ingabo z’urwanda,avuga ko urwanda rwagumye rwereka kongo Rubangamiwe n’ibitero bikorwa na FDLR isanzwe iri muri kongo ariko babirabisha amaso gusa.

Kubw’ivyo Kongo isabwa kuvavanura n’ingendo yo gukorana na FDLR maze ibibazo biri hagati y’ibi bihugu 2 bigatorerwa inyishu biciye muri diplomasi kuko intambara itigera itanga umuti w’ibibazo

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments